Uko wahagera

Libiya: Abarwanyi Bashigikiye Umurwi, Islamic State, Bariyitiriye Ibitero vy'Amabombe, Vyihaye Inkumbi


Ikarata y'igihugu ca Libya
Ikarata y'igihugu ca Libya

Abarwanyi b’umurwi Islamic State, mu gihugu ca Libya, bariyitiriye ibitero vy’amabombe, vyihaye inkumbi, ku musi wa gatanu, mu buseruko bw’igihugu.

Abategetsi b’igihugu ca Libya, batangaje kw’abantu mirongo ine, canke barenga bishwe, abandi batari bake barakomereka, mu bitero bitatu vy’amabombe vyabereye, mu gisagara ca Qubba.

Ikigo kijejwe gukwirikirana iterabwoba co muri Amerika, camenyesheje kw’abarwanyi b’umurwi Islamic State, bari mu ntara ya Barqah, biyitiriye ivyo bitero, ico kigo kikaba kimenyesha kw’abagize ivyo bitero vy’amabombe, ari abanya Libya, n’abanya Arabia Saudite.

Igisagara ca Qubba, kiri hafi y’ibibanza vyizizwemwo n’abarwanyi b’umurwi Islamic State, yamara ico gisagara, kiri mu minwe ya Reta y’igihugu ca Libya, yemewe n’amakungu.

Abategetsi b’igihugu ca Libya, bavuga kw'imwe mu mabombe, yari yatezwe mu modoka, yaturikiye kuri Station ya essence, hafi y’inyubakwa y’abajejwe umutekano, mu gisagara ca Qubba. Bavuga ko habaye igitero gitandukanye, kuri ico kibanza c’abajejwe umwutekano, n’ikindi gitero cagizwe, ku nyubakwa ny’umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Libya, Aquila Saleh, atari i muhira iwe, igihe ico gitero caba.
Ubwicanyi bwariyongeye, mu gihugu ca Libya, mu gihe abarwanyi bashigikiye umurwi Islamic State, bariko bagerageza kwigarurira ubundi butaka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jen Psaki, yariyamirije ibitero vyo ku musi wa gatanu.

XS
SM
MD
LG