Uko wahagera

Bob Ruguruka Aracari Mw’ibohero Y’I Muramvya


Akamo katewe n’amashirahamwe hamwe n’imirwi itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, hatibagiwe abategetsi baserukira ibihugu vyabo, twabaye impfagusa.

Bob Rugurika arongoye iradiyo RPA, ntiyarekuwe ku musi wa gatatu itariki 4 y’ukwezi kwa kabiri, nk’uko vyari vyitezwe n’abamuburanira hamwe n’abarundi batari bake.

Umwe mu bashikiririzwamanza bamuburanira, Fabien Segatwa, avuga kw’ingingo yo kugumiza Bob Rugurika mw’ibohero itanezereje umurwi w’abashikirizwamanza bamuburanira.

Avuga kandi ko bagiye kwunguruza urubanza kandi bizeye ko sentare bazokwungururizamwo urubanza, izomugira umwere:

Yarahaye ikiganiro Iradiyo Ijwi rya Amerika: Mushobora kwumviriza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:28 0:00

XS
SM
MD
LG