Uko wahagera

Yordaniya, Irindiye Inyishu ya Islamic State ku Muderevu Wayo


Ifoto y'umudereva w'indege y'ingwano w'umunya Yordaniya, Mu'ath al-Kasaesbeh
Ifoto y'umudereva w'indege y'ingwano w'umunya Yordaniya, Mu'ath al-Kasaesbeh

Igisirikare c’igihugu ca, Yordaniya, gitangaza ko kirindiye ivyemezo, kw’umudereva w’indege y’ingwano, w’igihugu ca Jordaniya, umurwi, Islamic State, wagabishije kwica, akiri muzima.

Umuvugizi w’igisirikare, yatangaje, ku musi wa gatanu, kw’abategetsi b’igihugu ca, Yordaniya, bariko bakora bataruhuka, ku vyerekeye uwo mudereva, Mu’ath al-Kasaesbeh, yafashwe igihe indege y’ingwano, yariko atwara, yagira isanganya, mu gihugu ca Syria, mu kwezi guheze.

Igihugu ca ,Yordaniya, camenyesheje ko kizokwiyumvira kurekura, Sajida al-Rishawi, umupfasoni w’umunya Iraki, yaciriwe urubanza rw’ugupfa, muri Yordaniya, ku ruhara yagize mu gitero ca bombe, cihaye inkumb,i ku murwa mukuru wa Yordaniya, Amman, mu mwaka w’2005, hamwe abategetsi ba, Yordaniya, boronka ivyemezo, ko al-Kasaesbeh akiri muzima. Ikigingo ntarengwako ca nyuma, kugira igihugu ca, Yordaniya, kibe carekuye, al-Rishawi, carenganye, ku musi wa kane.

Ubutumwa buvurwa kw’ari ubw’umumenyeshamakuru w’umuyapani, yafashwe n’abarwanyi b’umurwi, Islamic State, bwamenyesheje ko, al-Kasaesbeh, yari kwicwa bidatevye, kiretse igihugu ca, Yordaniya, kirekuye, al-Rishawi, ku musi wa kane.Ubwo butumwa, bwafashwe mu majwi, buvurwa kw’ari ubw’umumenyeshamakuru w’umuyapani, Kenji Goto.

XS
SM
MD
LG