Uko wahagera

O-M-S Ishimikiye ku Gikorwa c'Ukurandurana n'Imizi, Ebola


Ibihugu aho abantu banduye Ebola muri Afrika yo mu burengero
Ibihugu aho abantu banduye Ebola muri Afrika yo mu burengero

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, ryamenyesheje, ku musi wa kane, kw’utwigoro tw’ukurwanya ikiza ca Ebola, muri iki gihe, dushimikye ku vyerekeye kurandurana n’imizi ico kiza, inyuma yuko igitigiri c’abantu bashasha bandura Ebola, uko indwi itashe, kigabanutse ku rugero ruri hasi cane, mu bitari bwabe kuba, mu kwezi kwa gatandatu.

Abantu bashaha mirongo icenda n’icenda nibo batangajwe, mu ndwi iheze, ko banduye Ebola, mu bihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, vyasinzikajwe bikomeye n’ikiza ca Ebola, umuntu afatiye ku biharuro bishasha vy’ishirahamwe O-M-S.

Igitigiri c’abanduye Ebola, caragabanutse bikomeye cane, mu gihugu ca Sierra Leone, aho abantu bashasha mirongo itandatu na batanu, bafise Ebola, batangajwe, mu ndwi iheze, umuntu abigereranije n’abantu ijana na cumi n’imdwi, mu ndwi y’imbere yaho, n’abandu ijana na mirongo umunani na bane, indwi zitatu z’imbere yaho.

Mu gihugu ca Liberia, abantu bashasha bane, nibo batangajwe ko bafise Ebola, mu ndwi iheze, bavuye ku bantu amajana atatu, ku ndwi, mu kwezi kw’umunani, n'ukwezi kw'icenda.

XS
SM
MD
LG