Uko wahagera

Amajwi Aracegeranye, mu Matora yo muri Zambia


Umukandidat w'umugambwe uri ku butegetsi muri Zambia, Edgar Lungu
Umukandidat w'umugambwe uri ku butegetsi muri Zambia, Edgar Lungu

Ibimaze kuva mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Zambia, bimaze kumenyekana gushika ubu, vyerekana kw’umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi, Edgar Lungu, ari imbere gatoyi n’abo bahiganwa. Urwego rujejwe amatora, mu gihugu ca Zambia, rwatangaje uno musi ku wa gatanu, ko Lungu, umukandida w’umugambwe uri ku butegetsis, Patriotic Front, afise gato musi y’ibice mirongo ine n’icenda kw’ijana vy’amajwi.

Umukandida bahiganwa, amwegereye cane, Hakainde Hichilema, wo mu mugambwe, United Party for National Development, afise gatoyi musi y’ibice mirongo ine n’indwi kw’ijana vy’amajwi.

Ivya nyuma bivuye mu matora vyitezwe, ku musi wa gatandatu.

Amatora y’umukuru w’igihugu yatumweko, kugira hatorwe uwusubirira prezida, Michael Sata, yitavye Imana, mu kwezi kw’icumi, inyuma yuko akitswe n’amagara, mu gihe kirekire.

Uwuzoba yatsinze amatora, azoyobora igihugu ca Zambia, mu kiringo prezida, Michael Sata, yari asigaje, gushika habe amatora, mu gihugu, mu mwaka uza.

Abategetsi bajejwe amatora bavuga, kw’igitigiri c’abitavye amatora, cari hafi y’ibice mirongo itatu na bitanu kw’ijana.

XS
SM
MD
LG