Uko wahagera

Congo: Abapolisi Baraburijemwo Imyiyerekano I Kinshasa


Abapolisi barungitswe mu mabarabara kugira ngo bashwiragize abantu bariko baragira imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rishasha
Abapolisi barungitswe mu mabarabara kugira ngo bashwiragize abantu bariko baragira imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rishasha

Abapolisi bo mu gihugu ca Republika ya Congo iraharanira Demokrasi barakoresheje insoro zica hamwe n’imyuka irakira mu gushwiragiza abantu bariko baragira imyiyerekano ejo ku musi wa mbere yo kwiyamiriza itegeko, bavuga ko rizotuma amatora yunguruzwa.

Abantu biyamiriza iryo tegeko risaba ko rusansuma ibanza kuba imbere y’amatora, bavuga korishobora guha akaryo president Joseph Kabila ko kuguma ku butegetsi kurenga ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka uza.

Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi barihereje amabarabara yo ku murwa mukuru Kinshasa ejo ku musi wa mbere, nk’uko imigambwe itavuga rumwe na reta yari yabibasavye.

Abapolisi bararashe insoro zica mu kirere kugira bashwiragize abantu bariko baragira imyiyerekano, bagenda baratera amabuye.

Abantu bavyiboneye bavuga kw’umuntu umwe yakomeretse.

Abajejwe umutekano bari bakwiragijwe mu bice vyinshi vy’umurwa mukuru Kinshasa, barashoboye kubuza abantu bariko baragira imyiyerekano gushika ku nyubakwa, abashingamateka bakoreramwo, arinaho abakenguzamateka, bategekanya kwihweza iryo tegeko rishasha. Inama nshingamateka, yemeje iryo tegeko ku musi wa gatandatu.

XS
SM
MD
LG