Uko wahagera

USA: Imyigaragambyo Irimo urugomo mu mujyi wa Ferguson


Demonstrators march through the streets following the grand jury decision in the Ferguson, Missouri shooting of Michael Brown, in Seattle, Washington November 24, 2014. The case has highlighted long-standing racial tensions not just in predominantly black
Demonstrators march through the streets following the grand jury decision in the Ferguson, Missouri shooting of Michael Brown, in Seattle, Washington November 24, 2014. The case has highlighted long-standing racial tensions not just in predominantly black

Igisagara ca Ferguson muri Reta ya Missouri, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika caranzwe n’uruhagarara rukomeye rutari bwibonekeze mu kiringo c’ukwezi.

Ibyo ni mu inyuma yuko umurwi ugizwe n’abantu cumi na babiri bita, “Grand Jury” mu rurimi rw’icongereza bategetse icaha ku mupolisi w’umuzungu, Darren Wilson yarashe akica umukangara w’umwirebure ata kigwanisho yari afise, Michael Brown.

Imyiyerekano yaranzwe n’uruhagarara yarabaye mu masaha yo mw’wijoro ry’ejo ku musi wa mbere inyuma yuko abategetsi batangaje kw’ata vyaha azokwagirizwa ku bijanye n’iyicwa rya Michael Brown yari afise imyaka cucmi n’umunani.

Igipolisi gitangaza kw’abantu mirongo itandatu n’umwe bahagaritswe mu gice kiri ku nkengera z’igisagara ca ST. Louis.

Urwo ruhagarara rwadutse naho akamo kerekeye umutekano kari katewe na prezida wa Amerika, Barack Obama n’umuryango wa Michael Brown, yarashwe n’umupolisi, Darren Wilson kw’italiki icfenda z’zukwezi kw’umunani. Vyitezwe kw’umuryango wa Wilson Darrel ushikiriza itangazo uno musi ku wa kabiri.

Imyiyerekano yarabaye kandi mu bisagara bitari bike vyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

XS
SM
MD
LG