Lieutenant Colonel Isaac Zida azoguma ar’umushikiranganji wa mbere, yongere kandi abe n’umushikirangaji ajejwe kwivuna abansi. Umusirikare kandi niwe arongoye ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, nk’uko ubushikiranganji bujejwe ubutegetsi hamwe n’ubushikirangaji bujejwe sport, buri mu minwe y’abasirikare.
President w’imfatakibanza w’umusivile Michel Kafando, azoba kandi ariwe ajejwe ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu.
President Blaise Compaore yahoze atwara igihugu ca Burkina Faso yirukanywe ku butegetsi n’ubushobozi bw’abanyagihugu bamugumukanye mu kwezi kw’icumi, inyuma y’aho ageragereje guhindura ibwirizwa shingiro kugira ngo abandanye gutwara inyuma y’imyaka 27 yar’amaze ku butegetsi.
Abasirikare barongowe na Colonel Zida, baciye bafata ubutegetsi, yamara baciye baremerwa n’ishirahmwe rya afrika, ryabategetse gushira ubutegetsi mu minwe ya president w’umusivile azotwara gushika amatora abe, mu mwaka w’2015.
Nk’uko amasezerano ya reta y’imfatakibanza yumvikanyweko mu ntango z’uku kwezi abivuga, haba, Colonel Zida, haba umushingantahe Kafando, nta n’umwe afise uburenganzira bwo guhiganwa mu matora ategekanijwe mu mwaka uza.