Uko wahagera

Ubutungane ku Basize Ubuzima, mw'Isanganya ry'Indege ya Maleziya


Prezida wa Amerika, Barack Obama ari kumwe n'umushikiranganiji wa mbere wa Australia, Tony Abbott, mu nama y'umurwi G20 w'ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw'isi, mu vyerekeye ubutunzi.
Prezida wa Amerika, Barack Obama ari kumwe n'umushikiranganiji wa mbere wa Australia, Tony Abbott, mu nama y'umurwi G20 w'ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw'isi, mu vyerekeye ubutunzi.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, n’abashikiranganji ba mbere b’ibihugu vya Australia, n’Ubuyapani, basavye ubutungane, ku bantu batakaje ubuzima, mu mpanuka y’indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, hejuru y’ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine, mu kwezi kw’indwi, yahitanye abantu amajana abiri na mirongo umunani n’umunani.

Prezida Obama, yagiranye inama, uno musi ku w’Imana, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Australia, Tony Abbott, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe, mu nama y’umurwi G-20 w’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, iriko ibera mu gisagara ca Brisbane, mu gihugu ca Australia.

Abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Ukraine, bashigikiwe n’Uburusiya, bikekwa ko barashe missile, yamanuye iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia.

Abo bategetsi batatu barasubiye kwemeza ko badashigikiye na gato, ukwigarurira intara ya Crimeee, kw’Uburusiya, hamwe n’ibikorwa vy’ico gihugu vy’uguhungabanya umutekano, mu buseruko bwa Ukraine.

Muri ico gihe, bategetsi b’igihugu c’Uburusiya barahakana ko prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, aza kuva kare, mu nama y’umurwi G-20 w’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’is,i mu vyerekeye ubutunzi, mu gihugu ca Australia, kubera yakiwe nabi n’abategetsi b’ibihugu, bari muri iyo nama.

Umuvugizi wa prezida Putin, yatangaje, kuri radiyo y’Uburusiya, ku musi wa gatandatu, ko prezida Putin, azotahuka mu gihugu ciwe, igihe ibikorwa vyose vyo mu nama y’ibihugu bigize umurwi G-20 bizoba vyarangiye.

Abafasha ba prezida Putin, batangaje imbere yaho, kw’azova mu gisagara ca Brisbane, imbere yuko inama y’umurwi G-20 ,w’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vy’ubutunzi irangira, uno musi ku w’Imana.

Imbere yuko abonana na prezida Putin, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yaragabishije kw’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika, bishobora gufatira ibindi bihano Uburusiya.

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, yatangaje kw'ibiriko bibera, mu gihugu ca Ukraine, biriko bigeramira utwigoro tw’ugukomeza ubutunzi kw’isi.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada, Stephen Harper, yaremeye kuramutsa prezida Putin , yamara yamubwiye atarya umunwa, kuva mu gihugu ca Ukraine.

Mu kiganiro yahaye televiziyo y’igihugu c’Ubudagi, prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje kw’ashaka imigenderanire myiza, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibihugu vy’I Bulaya. Yamara yamenyesheje kw’ibihano vyafatiwe Uburusiya, bigeramiye ujbutunzi kw’isi, n’imigenderanire hagati y’Uburusiya, n’ibihugu vy’I Bulaya.

XS
SM
MD
LG