Uko wahagera

Prezida w'UburusiyaYaranebaguye Amerika, mu Nama G-20.


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin ariko aramukanya na prezida w'igihugu ca Indonesia, Joko Widodo
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin ariko aramukanya na prezida w'igihugu ca Indonesia, Joko Widodo

Mu gihe abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bahuriye, mu gihugu ca Australia, mu nama y’ibihugu mirongo ibiri bikomeye kurusha ibindi, mu vyerekeye ubutunzi, kw’isi, prezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirenga bikomeye, ku nyifato igenga imigenderanire mu makungu.

Mu kiganiro yahaye, itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’Uburusiya, Tass, ku musi wa gatanu, prezida Putin yaridoze, ku bihano urunani rw’ibihugu biyobowe na Amerika vyafatiye Uburusiya, kubera ibikorwa vya gisirikare vy’ico gihugu, muri Ukraine.

Yavuze kw'atazoshikiriza ico kibazo c’ibihano, mu nama y’ibihugu birongo ibiri bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, iba uno musi ku wa gatandatu, n’ejo ku musi w’Imana, mu gihugu ca Australia, yamara yatangaje kw’azokwishura, niyo abandi bazana ico kibazo.

Prezida w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Herman Rompuy, yatangaje kw’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu vy’I Bulaya bazobonana, ku musi wa mbere, inyuma y’inama y’umurwi w’ibihugu mirongo ibiri bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, kugira barabe ukugene ibintu vyifashe mu gihugu ca Ukraine, n’ukuvuga ku zindi ngingo zoshobora gufatwa, mu bishobora kuvuga ibindi bihano.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’di Bulaya bafise imigambi y’ukuganira, ivyerekeye igihugu ca Ukraine, na prezida wa Amerika, Barack Obama, ku ruhande rw’inama y’umurwi w’ibihugu mirongo ibiri bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi.

XS
SM
MD
LG