Uko wahagera

Liberia: Prezida Yarakuyeho Amategeko Adasanzwe, ku Vyerekeye Ebola


Prezida wa Liberia, Ellen Johnson-Sirleaf.
Prezida wa Liberia, Ellen Johnson-Sirleaf.

Prezida w’igihugu ca Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yakuyeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe, yashizeho kubera ikiza ca Ebola.

Yamara mw’ijambo yashikirije, ku musi wa kane, prezida Ellen Johnson Sirleaf, yatangaje kw’urugamba rw’ukurwanya ikiza ca Ebola rutarangiye, kw’ingingo zimwe zimwe zizogumaho.

Preizda wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yatangaje kw’amasoko ashobora gususbira kwugurura, couvre-feu izoshika isaha zitandatu zo mw’ijoro, mu bice bitageramiwe na Ebola..

Prezida Sirleaf, yatangaje kw’ata bantu bashasha banduye Ebola, mu bice cumi ku bice cumi na bitanu vy’igihugu ca Liberia, kuva ku musi w’Imana.

Amategeko yo mu bihe bidasanzwe yarategetswe, mu gihugu ca Liberia, kuva mu kwezi kw’umunani.

Mu bihugu bitatu vyo muri Afrika, aho ikiza ca Ebola cashimikiye, Liberia nico gihugu casinzikajwe kurusha ivyo bindi bihugu bibiri, n'ukuvuga Guinee na Sierra Leone.

Yamara ibintu bimeze nabi muri Sierra Leone.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi ritangaza kw’ibitigiri vy’abantu banduye Ebola, vyiyongeye cane, muri Sierra Leone, mu gihe abantu bashasha 421, banduye umugera wa Ebola batangajwe, muri iyi ndwi.

XS
SM
MD
LG