Uko wahagera

Mali: Umukobwa w'Imyaka 2 ni we wa Mbere Wanduye Ebola


Ibihugu Ebola yari imaze kwibonekezamwo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.
Ibihugu Ebola yari imaze kwibonekezamwo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Igihugu ca Mali caratangaje umuntu wa mbere arwaye Ebola.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Mali, Ousmane Kone, yatangaje kuri televiziyo ya Reta, ku musi wa kane mw’ijoro, kw’uwo murwayi ari umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri, yazanywe mu bitaro, avanywe mu gihugu kibanyi ca Mali, ca Guinee, kimwe mu bihugu bitatu bisizikajwe bikomeye n’ikiza ca Ebola.

Ousmane Kone, yatangaje kw’amagara y’uwo mwana w’umukobwa ariko atera amera neza kurushiriza, kubera yavuwe mu buryro bwihuta.

Ari mu gisagara ca Kayes, kiri mu burengero bw’igihugu ca Mali.

Muri ico gihe, mu gisagara ca New York, Craig Spencer, umuganga aherutse kuvura abantu barwaye Ebola, mu gihugu ca Guinee yapimwe iyo ndwara mu bitaro Bellevue Hospital vyo mu gisagara ca New York.

Ku musi wa kane, Spencer yabwiye Ishirahamwe rijejwe gutabara, Medecins sans Frontieres, yakorera mu gihugu ca Guinee, ko yari afise ubushuhe bwinshi mu mubiri, kandi yumva afise iseseme, ibimenyetso bibiri vy'indwara ya Ebola.

Yajanywe vyihuta mu bitaro vyo mu gisagara ca New York, Bellevue Hospital, kugira asuzumwe.

Ukwiyadukiza kw’ikiza ca Ebola, gushimikiye cane cane, mu bihugu bitatu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, n’ukuvuga Guinee, Liberia na Sierra Leone.

XS
SM
MD
LG