Uko wahagera

O-M-S Ivuga ko Ubu nta Ebola Ihari muri Nigeria


Ikarata ya Nigeria
Ikarata ya Nigeria

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, ryatangaje kw’ata Ebola ikiri, mu gihugu ca Nigeria, inyuma y’imisi mirongo ine n’ibiri irangiye ata bandi bantu bashasha banduye iyo ndwara, batangajwe.

Uwuserukira ishirahamwe O-M-S, Rui Gam,a yatangaje, ku musi wa mbere kw’iyo ari inkuru ikomeye cane.

Prezida w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, yasohoye itangazo, ku musi wa mbere, rihayagiza Abanya Nigeria bakoze kugira batume Ebola idakwiragira.

Yongeye ategeka kw’ingingo zose z’ukurwanya Ebola, muri Nigeria zigumaho, harimwo gusuzuma abantu binjira mu gihugu.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, mu gihugu ca Nigeria, Onyebuchi Chukwu, yavuze kw’izo ntambwe zashitsweko, kubera ubuyobozi bukomeye, n’ugukorera hamwe.

Hari abantu mirongo ibiri bari bafise Ebola, muri Nigeria, umunani muribo bakaba barahitanywe n’iyo ndwara. Ebola imaze guhitana abantu barenga ibihumbi bine n’amajana atanu, mu karere ko muri Afrika, yo mu burengero.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje, ku musi wa mbere, ko bufise abantu amajana atandatu na cumi n’indwi, ku murwa mukuru wa Liberia, Monrovia, na Dakar, muri Senegal, ubwo bushikiranganji bufise imigambi y’ukurungika abandi bantu mirongo umunani, ku musi wa gatatu, gufasha kurwanya ikiza ca Ebola.

XS
SM
MD
LG