Uko wahagera

Oxfam:Ebola Ishobora Kuba Arico Kiza Gikomeye Cane mu Bihe vya None.


Umuganga ariko asuzuma umuntu arwaye Ebola ku murwa mukuru wa Liberia, Monrovia
Umuganga ariko asuzuma umuntu arwaye Ebola ku murwa mukuru wa Liberia, Monrovia

Ishirahamwe mpuzamakunguriujejwe gutabara, Oxfam ryasavye abashikiranganji bajejwe imigendenire b'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya,, gukora kurushiriza, ku vyerekeye kurwanya ikiza ca Ebola.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Oxfam, Mark Goldring, yasavye irungikwa ry’izindi nteko, uburyo n’abaganga, muri Sierra Leone, Guinee na Liberia, ibihugu bisinzikanjwe kurusha ibindi n’ikiza ca Ebola.Goldring yatangaje kw’ibihugu bitazokwiyemeza ku vyerekeye kurwanya Ebola, bishobora gutuma ubuzuma bw’abantu batari bake bugeramirwa.

Prezida w’igihugu ca Liberia, Ellen Johnson Sirleaf, yatangaje, ku musi w’Imana kw’amakungu afise uruhara, mu rugamba rw’ukurwanya ikiza ca Ebola. Ellen Johnson Sirleaf, yatangaje kw’ari igikorwa c’abantu bose kw’isi, kurungika ubutumwa ko batazoreka abantu imiliyoni n’imiliyoni ngo birwaneko, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S, rimenyesha kw’abantu barenga ibihumbi bine n’amajana atanu bapfuye, bahitanywe na Ebola, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Abahinga bajejwe amagara y’abantu bavuga kw’abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi bazohitanwa n’iyo ndwara, imbere yuko uyu mwaka urangira.

XS
SM
MD
LG