Uko wahagera

Umuganga W’Umunyamerika Yanduye Ebola Muri Sierra Leone Yashitse Muri Amerika


Ambulance yari itwaye umuganga w'Umunyamerika yanduye Ebola
Ambulance yari itwaye umuganga w'Umunyamerika yanduye Ebola

Umuganga w’umunyamerika yanduye ingwara ya Ebola ari mu gihgu ca Sierra Leone, yaragurukanywe n’indege imutwaye muri reta zunze ubumwe za amerika.

Uyo muganga yashikanywe ku kibanza c’indege co mu ntara ya MaryLand ejo ku musi wa mungu, aho yavuye mu ndege atambuka, yambaye impuzu zera zikingira iyo ngwara.

Umuganga mukuru akwirikirana ingwara zandukira akorera ibiro vya reta zunze ubumwe bijejwe kwitaho amagara y’abanatu biri hafi y’igisagara ca Washington, ntaco yashatse kuvuga cerekeye uyo mugwayi, yamara yavuze ko muri rusangi, umuntu yegereye abagwaye ingwara ya Ebola, adaca yandukirwa.

Mw’itangazo ryasohowe ejo ku musi wa gatandatu, ivyo biro vyavuze kw’uyo murwayi azoca yinjizwa mu bitaro kugira asuzumwe, kandi akwirikiranwe.

Ivyo biro vyavuze kandi kw’uyo muganga yanduye ingwara ya Ebola, azoshirwa mu kibanza ca wenyene mu buryo bwitondewe cane.

XS
SM
MD
LG