Uko wahagera

Perezida Obama Yateye Akamo Gasaba Gutuza Intagondwa Z’Abaislamiste


President wa Reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama ariko arashikiriza ijambo inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu igira 69, i New York, kw'igenekereoz rya24 ry'ukwezi kw'icenda, umwaka w'2014.
President wa Reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama ariko arashikiriza ijambo inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu igira 69, i New York, kw'igenekereoz rya24 ry'ukwezi kw'icenda, umwaka w'2014.

President wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama ariko aratera akamo abategesi bo kw’isi, kabasaba kuja hamwe mu twigoro two kurandurana n’imizi umurwi w’intagondwa z’abaislamiste witwa Etat Islamic.

Mw’ijambo yashikirije inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ku musi wa gatatu itariki 24 y'ukwezi kw'icenda, umwaka w'2014, umushingantahe Obama yavuze kw’uyo murwi utera ubwoba abanyagihgu bo muri Iraki na Syria, mu kubaca imitwe, mu kurasaba abana, mu gufuba imivyimba mu kinogo kimwe hamwe no m u kwicisha inzara abanyagihugu bari mu madini y’abantu bari ku rushi.

President wa reta zunze ubumwe za amerika , Baracak Obama yateye akamo amakungu, na cane cane abaIslamu, kabasaba kwiyamiriza bivuye inyuma ivyiyumviro hamwe n’ingendo vy’imirwi y’intagondwa, Etat Islamic hamwe na Al-Qaida. Yavuze kw’ako karanda k’izo ntagondwa, gategerezwa kurangira.

Umushingantahe Obama yiyamirije kandi agasotoro k’igihugu c’Uburusiya mu gihugu ca Ukraine.

Vyongeye, yateye akamo amakungu yose, gasaba guhagarika ikiza ca Ebola, kimaze guhitana ubuzima bw’anyagihugu ibihumbi n’ibihumbi muri Afrika yo mu burengero.

XS
SM
MD
LG