Uko wahagera

OMS: Ebola Isa n'Iyahagaritswe muri Senegali no muri Nijeriya


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe amagara y’abantu (OMS), bitangaza ko ikiza ca Ebola muri Nigeriya na Senegal, gisa nicahagaritswe naho igitigiri c’abantu bamaze guhitanwa nayo murako karere kigeze hafi ku bihumbi 2,800.

Icegeranyo c’ibiro vya OMS muri Afrika casohowe cerekana ko ata muntu mushasha arandura iyo ngwara muri Nigeriya kuva kw’itariki 8 z’ukwezi kw’icenda, kandi ko atanuwundi muntu arayandura muri Senegal, kuva hatangajwe umuntu wambereye yayanduye kw’itariki 29 z’ukwezi kw’umunani.

O.N.U itangaza ko, abantu babandanya kwandura Ebola muri Guinea, Liberia na Sierra Leone. Igitigiri c’abamaza kuyandura kikaba kigeze ku bihumbi 5,762. Igitigiri c’abamaze guhitanwa nayo kigeze ku bantu ibihumbi 2,793.

OMS itangaza kandi ko, ubundi bwoko bw’ikiza ca Ebola muri Republika Iharanira Demokarasi ya Congo bumaza kwica abantu 40, abandi 71 bakaba bamaze kuyandura.

XS
SM
MD
LG