Uko wahagera

Amerika Yarifatanije n'Ishirahamwe ry'Ibihugu vy'i Bulaya, ku Bihano Bishasha, ku Burusiya


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarifatanije n'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya, mu kwongereza ibihano ku gihugu c'Uburusiya, kubera ukwisuka kw'ico gihugu mu bibazo vyerekeye igihuguca Ukraine.

Itangazo rya prezida wa Amerika, Barack Obama, rimenyesha kw'inyifato y'igihugu c'Uburusiya iciye kubiri n'amategeko, akaba yasubiye kumenyesha ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n'ibihugu bicuditse, vyiteguriye gufatira izindi ngingo zikomeye Uburusiya, mu kwagura ibihano mu bisata vyerekeye amafranga, amasoko ntanganguvu, n'ukwivuna abansi vy'Uburusiya.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yasavye prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, gukorana n'igihugu ca Ukraine, n'ibindi bihugu vyo mu mahanga, kugira bashike ku nyishu izorama, ku ngwano mu gihugu ca Ukraine, ata bintu bitagira insiguro Uburusiya bubanje gusaba.

Abategetsi b'igihugu vy'i Bulaya barumvikanye, ku vyerekeye gushira mu ngiro ibihano mu vy'ubutunzi, ku vyerekeye igihugu c'Uburusiya, kubera uruhara rw'Uburusiya, mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine.

Umuvugizi wa prezida w'Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaj, ku musi wa kane, kw'Uburusiya bubabajwe n'ingingo y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya, akaba yavuze kw'ingingo y'iryo shirahamwe iciye kubiri n'amategeko. Yavuze kw'ingingo y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya itagira insiguro, umuntu aravye uitwigoro Uburusiya buherutse kugira, tw'uguhagarika uguseseka kw'amaraso, mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine, harimwo imigambi yerekeye amahoro ya prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin.

XS
SM
MD
LG