Uko wahagera

Ishirahamwe, Bill and Melinda, ryemeye Gutanga Imiliyoni 50 y'amadolari, y'Ukurwanya Ebola


Ibice vyibinekejemwo Ebola mu karere ko muri Afrika yo mu burengero
Ibice vyibinekejemwo Ebola mu karere ko muri Afrika yo mu burengero

Ishirahamwe The Bill and Melinda Gates Foundation, ryatangaje ko ryiyemeje gutanga imiliyoni mirongo itanu y'amadolari, agenwe kurwanya ikiza ca Ebola, gitera gikwiragira, mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Ishirahamwe Bill and Melinda Foundation, rifise cicaro mu gisagara ca Seattle, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ryamenyesheje ko rizoha buno nyene ayo mafranga, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, n'amashirahamwe mpuzamakungu y'abagira neza, kugira agure ibintu bikenewe vyihutirwa, n'ugufasha ibikorwa vyihutirwa, mu bihugu bigeramiwe n'ikiza ca Ebola.

Ishirahamwe, Bill and Linda Foundation, rimenyesha kandi ko rizokorana n'abandi, kugira binyarutse gushiraho uburyo bw'ukuvura, incandago n'uburyo bw'ugupima, kugira bashobore kuvura neza, n'ugutuma ikiza ca Ebola kidatera gikwiragira.

Ku musi wa kabiri kandi, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryatanze imiliyoni zitatu n'ibihumbi amajana umunani vy'amadolari, agenewe gufasha kujana infashanyo, ibikoresho n'abahinga, mu vy'ubuvuzi, mu bihugu bigeramiwe n'ikiza ca Ebola.

Imihango y'ugutanga ayo mafranga ikwirikiye akamo katewe n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, k'inyishu ikomeye cane y'amakungu, ku vyerekeye ikiza ca Ebola.

Ku bw'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, O-M-S, ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu bagera ku bihumbi bibiri n'amajana atatu, muri uyu mwaka, benshi muribo mu bihugu vya Guinee, Sierra Leone na Liberia.

XS
SM
MD
LG