Uko wahagera

Abategetsi b'Igihugu ca Lesotho, Barabonana na Prezida, Jacob Zuma


Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma
Prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma

Prezida w'igihugu ca Afrika y'epfo, Jacob Zuma, araza kuja mu gihugu ca Lesotho, uno musi ku wa kabiri, kugerageza gufasha gutorera inyishu ukutumvikana, ku vya politike, kwatumye haba ibisa n'igeregezwa rya rya coup d'etat, mu kwezi guheze.
Prezida Zuma, yaragirishije inama idasanzwe mu ndwi iheze, aho yahagarikiye amasezerano agenewe guhwamika uruhagarara rwa politike, mu gihugu ca Lesotho.
Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, yabwiye Ijwi rya Amerika, ko hakiri umwuka mubi, ku bijanye na politike, n'umutekano, mu gihugu ca Lesotho, naho hari utwigoro tw'ugutorera inyishu amatati ari muri Reta y'urunani. Yatangaje kw'ukutumvikana hagati y'abategetsi batatu bakomeye cane, mu gihugu ca Lesotho, kuriko gutera gukomera uko imisi ingenda.
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ry'Abafransa, Agence France Presse, ku musi wa mbere, kw'atazosubira kwugurura inama nshingamateka, ikintu cari casabwe, mu maswezerano yabaye mu ndwi iheze, yatumye asubira gutahuka, mu gihugu ca Lesotho.
Thabane, yahunze igihugu ca Lesotho, mu mpera z'ukwezi kw'umunani, imbere yuko igisirikare gikikuza inyubakwa yiwe, n'inyubakwa y'umutegetsi mukuru w'igipolisi.
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, yagirije igiirikare, n'icegera c'umushikiranganji wa mbere, Mothetjoa Metsing, ko bariko barondera kumukura ku butegetsi.

XS
SM
MD
LG