Uko wahagera

Reta Nshasha y'Ubumwe, n'Intambwe Ikomeye Cane, muri Iraki


Umushikiranganji wa mbere mushasha w'igihugu ca Iraki
Umushikiranganji wa mbere mushasha w'igihugu ca Iraki

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje kw'ingingo y'inama nshingamateka y'ukwemeza Reta nshasha y'Ubumwe, ar'iintambwe ikomeye cane, ku gihugu ca Iraki, no ku twigoro twa Amerika tw'ukurwanya umurwi w'intagondwa z'aba Islamu, Islamic State.


John Kerry, yatangaje ko Reta iyobowe n'umushikiranganji wa mbere, Haider al-Abadi, irimwo aba Shi'ite, aba Sunni batari intagondwa, n'aba Kurde, ikenewe cane, mu gikorwa c'ugusenya umurwi Islamic State, umurwi w'intagondwa z'abarwanyi b'aba Sunni, zafashe igice kinini co mu buraruko bw'igihugu ca Iraki na Syria, ukaba uriko ugabisha gufata murwa mukuru wa Iraki, Bagdad.


Presidence ya Amerika, yatangaje ko prezida Barack Obama, yahamagaye kw'itelefone umushikiranganji wa mbere Abadi, kugira amukeze. Abo bategetsi babiri barumvikanye, ku gikorwa nkenerwa, c'uko Reta nshasha ifata ingingo zitorera inyishu ibisabwa n'abanya Iraki bose.


Abadi, yasubiriye Nouri al-Maliki, ikumira yagize, ku ba Sunni, bo muri Iraki, vyagize uruhara, kw'ivuka ry'umurwi Islamic State.

XS
SM
MD
LG