Uko wahagera

USA: Umumenyeshamakuru wa Kabiri Yaraciwe Umutwe n'Umurwi wa Kiyisilamu


Imwe mu masanamu ya video ya Steven Soltoff, yashikirijwe n'umurwi Islamic State
Imwe mu masanamu ya video ya Steven Soltoff, yashikirijwe n'umurwi Islamic State

Intagondwa z'umurwi Islamic State, zarasohoye video isa n'iyerekana, Steven Sotloff, umumenyeshamakuru agira kabiri, mu banyamerika bagizwe imbohe n'umurwi Islamic State, ariko yicwa bamuciye umutwe.


Umuvugizi w'Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jen Psaki, yatangaje kw'abategetsi bariko barasuzuma ukuri, kw'amasanamu y'iyicwa rya Steven Sotloff.


Avuga ko hamwe ayo masanamu ya video yoba ar'ukuri, ngo n'ibintu biteye agahinda kandi bibabaje cane.


Muri iyo video, umurwanyi yihishije mu maso, avuga icongereza c'abongereza, yarashikirije ubutumwa prezida wa Amerika Barack Obama, mu kuvuga ko iyicwa rya Steven Sotloff, ar'ukwihora ku bitero vy'indege za gisirikare za Amerika, ku murwi Islamic State, mu gihugu ca Iraki.


Uwo murwanyi yari yihishije mu maso, yatangaje ko mu gihe misssile za Amerika zibandanya kwica abanyagihugu babo, ngw'imbugita zabo zizobandanya guca amazosi y'abanyamerika.


Yaragabishije kandi kwica umwongereza yagizwe imbohe, David Cawthorne Haines.


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubwongereza, David Cameron, yavuze kw'igandagurwa rya Steven Sotloff, ari ikintu kigayitse cane.


Umurwi Islamic State, warishe umumenyeshamakuru w'umunyamerika, James Foley, umuciye umutwe, mu kwezi guheze, umurwi Islamic State, ukaba warerekanye igandagurwa ryiwe, ku kibanza ca internet.

XS
SM
MD
LG