Uko wahagera

Ishirahamwe SADC, Ririko Rifasha Kugarukana Umutekano, muri Lesotho


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Motsoahae Thabane
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Motsoahae Thabane

Ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, vyatangaje ko bizorungika intumwa mu gihugu ca Lesotho, inyuma y'ibisa na coup d'etat yabaye, mu mpera z'indwi irangiye.

Ivyo abategetsi bava mw'ishirahamwe ry'ugufashanya ry'ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, babitangaje, mu nama yihutirwa yabereye, mu gisagara ca Pretoria, ku musi wa mbere, n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, n'abandi bategetsi batari bake.


Mur'ivyo biganiro, vyari biyobowe na prezida wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, ababigizemwo uruhara barumvikanye, ku kirangamisi c'ukurangiza ihagarikwa ry'inama nshingamateka, ikintu gikomeye gisabwa n'abatavuga rumwe n'umushikiranganji wa mbere.


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Lesotho, Thomas Thabane, yahunze igihugu ca Lesotho, ku musi wa gatandatu w'indwi irangiye, imbere yuko abasirikare bakikuza inyubakwa yiwe, n'inyubakwa y'umutegetsi mukuru w'igipolisi.


Thabane yagiriza igisirikare n'icegera c'umushikiranganji wa mbere, Mothetjoa Metsing, kurondera kumukura ku butegetsi.


Umufasha w'umushikiranganji wa mbere wa Lesotho, Thomas Thabane, yatangaje ko yatahutse, mu gihugu ca Lesotho.


Imbere y'inama yo ku musi wa mbere, Thabane yasavye kw'ishirahamwe SADC, rirungika inteko zijejwe gucungera umutekano, mu gihugu ciwe, yamara nta vyatangajwe ku vyerekeye ako kamo, inyuma y'ibiganiro vy'i Pretoria.

XS
SM
MD
LG