Uko wahagera

Ku bwa Al-Maliki, Iraki Izoba Akaburi ku Murwi, Islamic State.


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Iraki, Nouri al-Maliki.
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Iraki, Nouri al-Maliki.

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Iraki, Nuri al-Maliki, yariyemeje kw'igihugu ca Iraki kizohinduka akaburi k'abarwanyi b'umurwi Islamic State, mu gihe yahimbaza ihaburwa ry'igisagara ca Amirli, cari mu minywe y'abarwanyi b'uwo murwi.


al-Maliki yaragendeye igisagara giherutse guhabuzwa na Amirli, ku musi wa mbere, akaba yemeye guha impera inteko z'igihugu ca Iraki, zasubiye kwigarurira ico gisagara, zikagikura mu minwe y'inyamaswa n'abicanyi.


Ibifungurwa, amazi n'imiti vyarajanywe mu gisagara ca Amirli, kuva inteko z'igihugu ca Iraki zinjiye muri ico gisagara, ku musi w'Imana, mu vyarangije ikiringo c'amezi abiri, ico gisagara cari mu minwe y'abarwanyi b'umurwi, Islamic State.


Inteko z'igihugu ca Iraki, zifashijwe n'abarwanyi b'aba Kurde, n'abarwanyi b'aba Shi'ite, zarahabuje kandi ikindi gisagara ca Sulaiman Bek, mu bumanuko bw'igisagara ca Kirkuk, ku musi wa mbere, ico gisagara cari mu minwe y'abarwanyi b'umurwi Islamic State, kuva mu kwezi kwa gatandatu.


Abategetsi ba Amerika batangaza kw'ibitero vy'indege z'ingwano za Amerika, ku barwanyi b'umurwi Islamic State, vyafashije inteko z'igihugu ca Iraki, n'inteko z'aba Kurde, kwigiza inyuma abarwanyi b'umurwi Islamic State.

XS
SM
MD
LG