Uko wahagera

Kinyamugigima Carihaye Inkumbi Muri California


Gurbeer Singh ariko aregeranya ibidandazwa mu manganzine yiwe yitwa7-Eleven, inyuma y'aho bisanzarijwe na kinyamagigima, kw'igenekerezo rya 24 ry'ukwezi kw'umunani, mu mwaka w' 2014.
Gurbeer Singh ariko aregeranya ibidandazwa mu manganzine yiwe yitwa7-Eleven, inyuma y'aho bisanzarijwe na kinyamagigima, kw'igenekerezo rya 24 ry'ukwezi kw'umunani, mu mwaka w' 2014.

Bulamatari w’intara ya California Jerry Brown yaraye atangaje ingingo zo mu bihe bigoye ibice bimwe bimwe vyo mu ntara yiwe, inyuma y’aho kinyamugigima gikomeye cane, kitari bwaboneke mur’iyi myaka 25, cononeye ibitari bike.

Ico kinyamugigima gikomeye cabaye mw’ijoro buca ari ku musi wa mungu. Abantu bashika 100 barakomeretse.

Ico kinyamugigima cabereye mu gisagara ca San Francisco hamwe no mu gisagara ca Sacramento.

Ibintu vyinshi vyononekaye biri mu gisagara ca Nappa, mu ntara ya California; igisagara kizwi cane, kubera imivinyu ihakorerwa.

Amazu atari make, yarononekaye, mu gihe ayandi yatse umuriro, igihe imiringoti itwara Gas, yacika.

Abahinga bazi vyinshi mu vyerekeye vya nyamugigima, bagabishije abanyagihugu baba mur’ivyo bisagara, ko mur’iyi ndwi hashobora kuba ibindi binyamugigima vy’ibisigarira, bishika 70.

XS
SM
MD
LG