Ico kinyamugigima gikomeye cabaye mw’ijoro buca ari ku musi wa mungu. Abantu bashika 100 barakomeretse.
Ico kinyamugigima cabereye mu gisagara ca San Francisco hamwe no mu gisagara ca Sacramento.
Ibintu vyinshi vyononekaye biri mu gisagara ca Nappa, mu ntara ya California; igisagara kizwi cane, kubera imivinyu ihakorerwa.
Amazu atari make, yarononekaye, mu gihe ayandi yatse umuriro, igihe imiringoti itwara Gas, yacika.
Abahinga bazi vyinshi mu vyerekeye vya nyamugigima, bagabishije abanyagihugu baba mur’ivyo bisagara, ko mur’iyi ndwi hashobora kuba ibindi binyamugigima vy’ibisigarira, bishika 70.