Uko wahagera

Ibiganiro Vy'Agahengwe, Hagati ya Israel, n'abanya Palestina, Vyarasenyutse


Ibitero vy'indege z'ingwano za Israel mu ntara ya Gaza inyuma yuko ibiganiro vyerekeye agahengwe bisambutse
Ibitero vy'indege z'ingwano za Israel mu ntara ya Gaza inyuma yuko ibiganiro vyerekeye agahengwe bisambutse

Abategetsi b’abanya Palestina, batangaje kw’umupfasoni n’umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri, bishwe na missile y’igihugu ca Israel, mu ntara ya Gaza, ku musi wa kabiri, abantu ba mbere bapfuye, inyuma yuko agahengwe, n’ibiganiro vyerekeye agahengwe bisambutse.

Guhagarika ingwano vyarangiye icese isaha zitandatu zo mw’ijoro, mu masaha yo mu karere, ku musi wa kabiri, yamara mu vy’ukuri vyarangiye amasaha y’imbere yaho, igihe abarwanyi b’umurwi Hamas barasa ama roquette, yaguye mu bumanuko bw’igihugu ca Israel. Israel yishuye n’ibitero vy’indege z’ingwano, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamini Netanyahu, yategetse abajejwe ibiganiro, ku vyerekeye agahengwe i Cairo, gutahuka mu gihugu badatevye.

Igisirikare c’igihugu ca Israel, categetse gusubira kwugurura ibibanza vy’ukwikingira amabombe, ku bilometero mirongo ine, umuntu avuye ku rubibe rw’intara ya Gaza.

Umuvugizi w’umurwi Hamas, yatangaje kw’uwo murwi utarashe ama roquette, imbere yuko agahenwe karangira.

Yamara ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje kw’umurwi Hamas, ariwo ubazwa umutekano mu ntara ya Gaza, kw’ari muri iyo ntara ama roquette yarashwe, ku butaka bwa Israel, yavuye.

XS
SM
MD
LG