Uko wahagera

ONU Irababajwe n'Ingingo y'Uburundi y'Ukwirukana Umukozi Wayo


Ikarata y'Uburundi
Ikarata y'Uburundi
Inyuma yuko umuhanuzi ajejwe umutekano w’Uburundi muri O-N-U, Paul Debbie, yirukanywe mu Burundi, umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Stephane Dujarric, yamenyesheje ko babajwe n’iyo ngingo ya Reta y’Uburundi. Amenyesha ko bazovugana na Reta y’Uburundi ku vyerekeye ico kibazo biciye, mu buryo buhasanzwe bwa diplomatie.

Stephane Dujarric, avuga ko bashikirije Reta y’Uburundi ivyagirizo baronse, muri raporo ku bijanye n’uguha ibirwanisho imirwi y’imikangara. Atangaza kw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, yashikirije ivyerekeye ico kibazo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ngo Adama Dieng yarabishikrije umukuru w’igihugu c’Uburundi, n’abandi bategetsi batari bake babonanye mu Burundi.

Umuvugizi w’ishirahamwe O-N-U, Stephane Dujarric, amenyesha ko kubera ivyo vyagirizo bikomeye, bashaka kubivugana na Reta, avuga ko babiciriye ku mayange urwego rw’ishirahamwe O-N-U rijejwe kwubahiriza umutekano kw’isi.

Amenyesha ko basaba Reta y’Uburundi gutohoza ivyo vyagirizo. Ngo gutohoza ivyo vyagirizo n’ibintu biraba Reta. Amenysha ko biteguriye gufasha muri ayo matohoza, hamwe bobisabwa, nyo yamara kugira amatohoza n’igikorwa ca Reta.
XS
SM
MD
LG