Uko wahagera

Igikorwa c'Ukurondera Abantu 290, Bari mu Bwato bwa Korea y'epfo, Bwibiye mu Mazi, Kirabandanya


Umuntu ariko araba amasanamu kuri televiziyo yerekana ubwato butwara abantu bwa Korea y'epfo buriko buribira
Umuntu ariko araba amasanamu kuri televiziyo yerekana ubwato butwara abantu bwa Korea y'epfo buriko buribira
Abahinga mu kwibira, b’igihugu ca Korea y’epfo, babandanije ku musi wa kane, igikorwa c’ukurondera abantu amajana abiri na mirongo icenda, benshi muribo imikangara, irengero ryabo ritazwi, mu kiringo kigera ku masaha mirongo ibiri n’ane, inyuma yuko ubwato barimwo, bwibiye mu mazi, hafi y’izinga ryegereye igihugu ca Korea y’epfo.

Abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi, batangaza kw’abantu batandatu bemejwe ko bapfuye, mu gitondo co musi ku wa kane, abandi ijana na mirongo irindwi n’icenda bakaba baratabawe.

Abategetsi baragabisha kw’igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera bikomeye, mu gihe abajejwe gutabara bariko basuzuma ibisigarira vy’ubwo bwato mu mazi.

Abategetsi bavuga kw’amazi, aho ubwo bwato bwibiye, akanye ku buryo bishobora gutuma abantu bicwa n’ubukanye, mu kiringo c’amasaha makeyi.

Indege za kajugujugu, n’ubwato butari buke, biri mu gikorwa c’ukorondera, n’ugutabara abari muri ubwo bwato bwibiye.

Ubwo bwato, bw’itoni ibihumbi bitandatu n’amajana umunani na mirongo ibiri na zitanu, bwitwa, Sewol, bwari buvuye ku kivuko c’ahitwa Incheon, mu burengero bw’umurwa amukukuru wa Korea y’epfo, Seoul, ku musi wa kabiri mw’ijoro, bugana izinga rya Jeju, ku bilometero ijana, umuntu avuye mu gice kiri ku nkengera z’ibahari, co mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Koera y’epfo.

Abategetsi ba Korea y’epfo, ntibamenye impamvu yatumye ubwo bwato bwibira.
XS
SM
MD
LG