Uko wahagera

Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, Yasavye Inama Idasanzwe y'Ukwihweza Ubwicanyi mu Gihugu


Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan
Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan
Prezida w’igihugu ca Nigeria, Goodluck Jonathan, yaratumyeko abahanuzi biwe, ku vyerekeye umutekano w’igihugu, mu nama yo ku musi ku wa kane, i Abuja, ku murwa mukuru wa Nigeria, inyuma yuko abikekwa kw’ari abarwanyi bagize ibitero bitari bike vyihaye inkumbi, bakongera bakanyuruza, abanyeshule b’abigeme ijana.

Umuhanuzi wa prezida Jonathan, yatangaje kw’azokwihweza ingingo zerekeye umutekano, n’ibikorwa vya gisirikare, kugira ategekanye uburyo bwiza bw’ugukwirikiza.

Mu vyo yatangaje, ku musi wa gatatu, umuhanuzi wa prezida Goodluck Jonathan, Reuben Abati, yatangaje ko prezida Jinathan, yatewe impungenge, cane cane n’inyuyuzwa ikivunga, ku musi wa mbere, ry’abana b’abigeme biga kw'ishule ryisumbuye, mu ntara ya Borno, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Abati avuga ko prezida Jonathan, yategetse inteko zijejwe umutekano gukoresha uburyo bwose bushoboka, kugira zitabare abo bana b’abigeme.

Ku muhingamo, wo ku musi wa gatatu, ikigo kijejwe gutangaza amakuru ca Reta ya Nigeria, camenyesheje ko munani muri abo banyeshule b’abigeme, irengero ryabo ritari rizwi. Mw’itangazo, umuyobozi ajejwe ukwivuna abansi, Major General Chris Olukolade, yatangaje kw’umwe mu bagize igitero, kuri iryo shule ryisumbuye ry’abigeme, yafashwe.

Nta biyitiriye ico gitero, mu ntango, yamara ico gitero gisa n’ibitero vyagizwe n’abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’aba Islamu, Boko Haram.
XS
SM
MD
LG