Uko wahagera

Frazier Glenn Cross Ahanganye n'Ivyaha Bifatiye ku Rwanko, mu ntara ya Kansas


Frazier Glenn Cross, ari mu minwe y'abapolisi
Frazier Glenn Cross, ari mu minwe y'abapolisi
Abashikirizamanza batangaza ko hari ivyemezo bihagije vy’ukwegeka ivyaha bifatiye ku rwanko kuri Frazier Glenn Cross, inyuma yuko yishe abantu batatu, ku musi w’Imana, mu kibanza Abayahudi basengeramwo, kandi bafatiramwo akaruhuko ko mu za bukuru, mu ntara ya Kansas, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igipolisi caharagaritse, Frazier Glenn Cross, intagondwa y’umuzungu amaze igihe azwi, umunywanyi w’umurwi w’intagondwa z’abazungu, Klu Kux Klan, ku bijanye n’iraswa ry’abo bantu. Abategetsi bavuga ko ayandi makuru yerekeye ivyagirizo kuri Frazier Glenn Cross, yitezwe ku musi wa kabiri.

Mw’ijambo yashikirije ari mu biro vyiwe, Maison Blanche, ku musi wa mbere, prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’ubwicanyi bufatiye kw’idini ata kibanza bufise muri Amerika. Yamenyesheje kw’ata muntu numwe yotegerezwa kugira impungenge, ku mutekano wiwe, igihe ari kumwe n’abandi bafise ukwemera kumwe.

Prezida Obama, yavuze ko kubona ico gitero kiba, mu gihe Abayahudi bariko bitegurira guhimbaza umusi mukuru wa Passover, aba Kristu nabo bariko bitegurira umusi mukuru wa Pasika, bituma ivyabaye, ku musi wa mbere, mu ntara ya Kansas bibabaza kurushiriza.
XS
SM
MD
LG