Uko wahagera

Abashigikiye Uburusiya, Bari mu Myiyerekano, muri Ukraine, Barihojeje Ikiringo Ntarengwako Bahawe


Abashigikiye Uburusiya bari mu myiyerekano mu gisagara ca Luhansk, mu buseruko bwa Ukraine, kw'italiki 14 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'2014.
Abashigikiye Uburusiya bari mu myiyerekano mu gisagara ca Luhansk, mu buseruko bwa Ukraine, kw'italiki 14 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'2014.
Abari mu myiyerekano, bashigikiye Uburusiya, barihojeje, ku musi wa mbere, ikiringo ntarengwaho cashizweho na Reta ya Ukraine c’uko bava mu nyubakwa bafashe kugira bagirirwe imbabazi, mu gihe prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yagabishje gufatira abo bantu ingingo za gisirikare zikomeye.

Abantu mu myiyerekano barasambuye amadirisha y’icicaro c’igipolisi, mu gisagara ca Horlivka, mu buseruko bwa Ukraine, barahangana n’igipolisi, igihe casubira gufata ico kibanza.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaragabishije prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, mu kiganiro kw’itelefon, ku musi wa mbere, kw’abategetsi b’igihugu c’Uburusiya bazofatirwa ibindi bihano, niyo ingingo bariko bafata muri Ukraine zabandanya. Yasavye kandi prezida Putin gukoresha igihagararo ciwe, kugira yumvishe abari mu myiyerekano kuva mu nyubakwa bafashe.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ku ruhande rwiwe, yasavye prezida wa Amerika, Barack Obama, kubuza Reta y’igihugu ca Ukraine gukoresha inguvu, ku bari mu myiyerekano.

Putin, yarahakanye ibivurwa kw’ari uruhara rw’abajejwe iperereza b’Uburusiya, mu myiyerekano, mu kuvuga kw'ari ibintu bifatiye ku makuru atizigiwe.

Abari mu myiyerekano bariko basaba referendum ku vyuko nimba bokiyonkora kuri Ukraine bagafatana n’Uburusiya, nkuko vyagenze mu matora yabaye mu kwezi guheze, mu ntara ya Crimee.
XS
SM
MD
LG