Uko wahagera

Afuganisitani: Abari imbere mu Matora ya Perezida Baramenyekanye


Umupfasoni muri Afghanistani ariko aratora mu kibanza c'amatora ca Mazar-i-sharif
Umupfasoni muri Afghanistani ariko aratora mu kibanza c'amatora ca Mazar-i-sharif
Abahiganwa babiri bari imbere y’abandi baribonekeje, mu matora y’umukuru w’igihugu yo kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa kane, mu gihugu ca Afghanistani, abo nabo ni Ashraf Ghani, yahoze ari umushikiranganji ajejwe ikigega, n’umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, Abdullah Abdullah.

Mu gihe hafi y’ibice cumi kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa, Abdullah, ari imbere n’ibigera ku bice mirongo ine na biri kw’ijana vy’amajwi. Ghani afise hafi y’ibice mirongo itatu n’umunani kw’ijana. Umukandida agira gatatu, Zalmai Rassoul afise ibiri musi y’ibice cumi kw’ijana vy’amajwi.

Abantu bagera ku miliyoni indwi baratoye. Ivya nyuma bivuye mu matora ntivyitezwe gushika mu kwezi kuza. Incuro ya kabiri y’amatora izoba niyo ata numwe mu bakandida umunani yatsinda n’amajwi ahagije.

Abdullah Abdullah, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, ko yagiranye ibiganiro na Zalmai Rassoul. Yamara yavuze ko hakiri kare kugira aganire ivyerekeye kugira urunani nawe. Yatangaje kw’azorondera gushiraho Reta y’ubumwe niyo yatorwa
XS
SM
MD
LG