Uko wahagera

Papa Francis Yaratanguye Indwi Ihezagiye Izoshikana ku Musi wa Pasika


Papa Francis ariko aramutsa abakiri bato ku musi w'ibisandasanda
Papa Francis ariko aramutsa abakiri bato ku musi w'ibisandasanda
Papa Francis, yaratanguje indwi ihezagiye izoshikaka kuri Pasika, mu guhimbaza ku musi w’Imana imisa yo ku musi w’ibisandasanda n’abari baje gusenga mu kibanza St. Pierre.

Mu nyuma yaho Papa Francis, yarifatishije amafoto n’abakiri bato bari mu bari baje gusenga.

Papa Francis, yasavye abantu, nawe nyene arimwo, kuraba mu mitima yabo kugira babone ukugene bariko babaho mu buzima bwabo.

Umusi w’Imana w’ibisandasanda uhimbaza ukwinjira kwa Yezu, mu gisagara ca Jerusalemu.

Mu nyuma yaho yarahagaritswe, arabambwa ku musaraba.
XS
SM
MD
LG