Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe imigenderanire, Romain Nadal yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’igihugu c’Ubufaransa caguye mu gahundwe igihe cumva ivyo birego.
Yavuze kw’ivyo birego biteye kubiri n’inzira yo kurekuriranira hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.
President w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yabwiye ikinyamakuru “Jeune Afrique” kw’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’igihugu c’Ububirigi vyagize uruhara rukomeye mu gikorwa co gutegura genocide. Mur’ico kiganiro gihava gisohorwa uyu musi ku wa mungu, yarasubiye kurega igihugu c’Ubufaransa ko cagize uruhara ruboneka mw’ihonyabwoko.
Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe imigenderanire, bwatangaje kw’umushikiranganji ajejwe ubutungane, Christiane Taubira yategekanya kuja mu Rwanda ku musi wa mbere, atakigiye mur’urwo rugendo.