Uko wahagera

Ubufaransa Ntibuzoja Mu Rwanda Mu Birori Vyo Kwibuka Genocide


Umushikiranganji w'igihugu c'Ubufaransa ajejwe ubutungane Christiane Taubira, ariko aramutsa abamenyeshamakuru I Paris kw'igenekerezo rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu mu mwaka w'2014
Umushikiranganji w'igihugu c'Ubufaransa ajejwe ubutungane Christiane Taubira, ariko aramutsa abamenyeshamakuru I Paris kw'igenekerezo rya 12 ry'ukwezi kwa gatatu mu mwaka w'2014

Igihugu c’Ubufaransa casibije umugambi wo kuja mu birori vyo kwibuka imyka 20 iheze habaye ihonyabwoko mu Rwanda, inyuma y’aho president w’igihugu c’urwanda ashikiririje ibirego bivuga kw’igihugu c’Ubufaransa cagize uruhara mw’ihonyabwoko.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe imigenderanire, Romain Nadal yabwiye iradiyo Ijwi rya amerika kw’igihugu c’Ubufaransa caguye mu gahundwe igihe cumva ivyo birego.
Yavuze kw’ivyo birego biteye kubiri n’inzira yo kurekuriranira hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.

President w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yabwiye ikinyamakuru “Jeune Afrique” kw’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’igihugu c’Ububirigi vyagize uruhara rukomeye mu gikorwa co gutegura genocide. Mur’ico kiganiro gihava gisohorwa uyu musi ku wa mungu, yarasubiye kurega igihugu c’Ubufaransa ko cagize uruhara ruboneka mw’ihonyabwoko.

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe imigenderanire, bwatangaje kw’umushikiranganji ajejwe ubutungane, Christiane Taubira yategekanya kuja mu Rwanda ku musi wa mbere, atakigiye mur’urwo rugendo.
XS
SM
MD
LG