Uko wahagera

Itohoza Riraba ku Bwicanyi mu Kibanza ca Gisirikare ca Fort Hood.


Umusirikare mukuru ayoboye ikibanza ca Fort Hood, Lieutenant General, Mark Milley, sariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru
Umusirikare mukuru ayoboye ikibanza ca Fort Hood, Lieutenant General, Mark Milley, sariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru
Abajejwe itohoza bariko bararondera inyishu kw’iraswa ry’abantu batatu, n’ikomereka ry’abantu cumi na batandatu, mu kibanza c’igisirikare ca Fort Hood, mu ntara ya Texas, imbere yuko umusirikare yikekwa muri ubwo bwicanyi yiyica.

Umusurikare mukuru ayoboye ico kibanza ca gisirikare ca Fort Hood, Lieutenant General, Mark Milley, yatangaje, ku musi wa kane, ko bishoboka cane kw’uwo musirikare yateranye amajambo n’uwundi musirikare, canke abandi basirikare, imbere yuko arasa abo bantu, yamara avuga kw’ata bimenyetso bihari ko hari uwo yoba yariko arondera, ku giti ciwe.

Milley, avuga kw’uwo musirikare yarashe yitwa, Ivan Lopez, afise imyaka mirongo itatu n’ine, akomeka muri Puerto Rico.

Lieutenant General, Mark Milley, avuga Lopez yari afise ibibazo vyo mu mutwe, bishobora kuba vyabaye impamvu z’igitero yagize, yamara yemenyesheje kw’amatohoza ariko araba, kandi kw’ata mpamvu izarizo zose zishoboka ayo matohoza azokuramwo.

Ivan Lopez, avurwa ko yakoreye mu gihugu ca Iraki, mu kiringo c’amezi ane.
XS
SM
MD
LG