Uko wahagera

Umutegetsi Akomeye mu vya Gisirikare w’Umurwi al-Qaida muri Mali Ashobora kuba Yarishwe


 Abdelhamid Abou Zeid umuyobozi w'umurwi al-Qaida mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko
Abdelhamid Abou Zeid umuyobozi w'umurwi al-Qaida mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko
Umusirikare akomeye w’igihugu c’Ubufransa, yatangaje, ko bishoboka, kw’umutegetsi akomeye, mu vya gisirikare, w’umurwi al-Qaida, mu buraruko bw’akarere ka Afrika, yishwe, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, mu ndwi iheze.

Amiral, Edouard Guillaud, umukuru w’igisirikare c’Ubufransa, yatangaje kw’inkuru yerekeye iyicwa rya Abdelhamid Abou Zeid, idashobora kwemezwa, kubera ikiziga ciwe kitaratorwa.

Yabwiye Radiyo Europe-1, ejo ku musi wa mbere, ko hamwe Abou Zeid yoba yarapfuye, iyo yoba ari inkuru nziza.

Abategetsi b’igihugu ca Chad batangaje ku musi wa gatanu w’indwi iheze, kw’inteko z’igihugu ca Chad, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, zishe Abou Zeid, umuyobozi w’umurwi al-Qaida, mu karerere ka Magreb, avurwa ko yagize uruhara, mw’inyuruzwa ry’Abanyamahanga batari bake.

Amakuru aturuka, mu bihugu vy’Ubufransa na Algeria, atangaza kw’abategetsi bariko bageregeza guhuza ibipimo vya ADN vyiwe, n’ivy’amacuti yiwe, ku kibonwa kw’ari ikiziga c’umurwanyi.

Abategetsi b’igihugu ca Chad, bavuga kandi inteko z’igihugu ca Chad, zishe Mokhtar Belmokhtar, umurwanyi akorana n’umurwi al-Qaida, yiyitiriye igitero cihaye inkumbi, cagizwe ku kibanza gihingura gaz naturel, mu gihugu ca Algeria, mu kwezi kwa mbere.

Iyicwa ryiwe yamara ntiriremezwa n’amakuru yigenga.
XS
SM
MD
LG