Ku wa gatatu, Gashyantare 10, 2016 isaha yo mu karere 19:49

    Umusirikare w’Umufransa Yarishwe mu ngwano mu Gihugu ca Mali

    Abasirikare b'igihugu ca Mali bari mw'wikamyo hafi y'indege ya kajugujugu Puma y'igihugu c'UbufransaAbasirikare b'igihugu ca Mali bari mw'wikamyo hafi y'indege ya kajugujugu Puma y'igihugu c'Ubufransa
    x
    Abasirikare b'igihugu ca Mali bari mw'wikamyo hafi y'indege ya kajugujugu Puma y'igihugu c'Ubufransa
    Abasirikare b'igihugu ca Mali bari mw'wikamyo hafi y'indege ya kajugujugu Puma y'igihugu c'Ubufransa
    VOA Africa
    Igihugu c’Ubufransa, catangaje kw'umwe mu basirikare baco yishwe, mu ngwano, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

    Abategetsi b’igisirikare c’Ubufransa, bamenyesheje, mw’itangazo, ejo ku musi w’Imana,  kw’uwo musirikare yishwe, ejo ku musi w’Imana, mw’ijoro, mu gitero cagizwe, ku barwanyi, mu mitumba ya Adrar des Ifoghas, mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

    N’umusirikare w’Umufransa agira gatatu apfuye, kuva igihugu c’Ubufransa kirungitse abasirikare, mu gihugu ca Mali, gutuza abarwanyi b’umurwi al-Qaida, kw’italiki 11 z’ukwezi kwa mbere.

    Ubufransa bwatangaje kw’abarwanyi b’Aba Islamu, cumi na batanu, canke barenga, bishwe canke barekomereka, mu ngwano yabaye, ku musi wa gatandatu, yahitanye umusurikare w’Umufransa.

    Ukwo gutana mu mitwe kwabaye, mu gihe igihugu ca Chad catangaje kw’inteko zaco, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, zishe Mokhtar Belmokhtar, umurwanyi akorana n’umurwi al-Qaida, yiyitiriye igitero cihaye inkumbi, cagizwe mu kibanza gihungura gaz naturel, mu gihugu ca Algeria, mu ntango z’uwu mwaka
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga