Ku wa gatatu, Mata 23, 2014 isaha yo mu karere 16:21

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry Yarabonanye n’Abategetsi ba Reta y’Igihugu ca Misiri n'Abatavuga rumwe na Reta mu Rugendo Rwiwe rwa Mbere I Cairo

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, i Cairo mu MisiriSecreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, i Cairo mu Misiri
x
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, i Cairo mu Misiri
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, i Cairo mu Misiri
ingano y'inyandiko - +
VOA Africa
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yarabonanye n’abategetsi ba Reta y’igihugu ca Misiri, na bamwe mu banyepolitike batavuga rumwe na Reta, mu rugendo rwiwe rwa mbere, I Cairo, mu mabanga yiwe ya Secreteri wa Departement ya Amerika.

Bamwe mu bayobozi b’abatavuga rumwe na Reta, baranse kubonana na Kerry, mu kuvuga kw’abategetsi ba Reta ya Amerika bafata uruhande rw’umurwi uri ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, Muslim Brotherhood, mu ruhagarara rwa politike rubandanya, mu gihugu ca Misiri.

Mohamed ElBaradei, ayoboye umugambwe utavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Misiri, National Salvation Front, yaranse kubonana na John Kerry, co kimwe n’abandi bayobozi babiri bakomeye, b’abatavuga rumwe na Reta, Hamdeen Sebahi na Sayed al Badawi.

Abandi bayobozi b’abatavuga rumwe na Reta, harimwo Amr Moussa na Ayman Nour, baravuganye na John Kerry.

Yamara, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ari kumwe n’umushikiranganjai ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Misiri, Mohamed Kamel Amr, John Kerry yatangaje ko yaje gushigikira Abanyamisiri, ko ataje gufata impande, muri politike y’igihugu ca Misiri.

Abantu batari bake, bari mu myiyerekano, barakoraniye hanze y’inyubakwa y’ubushikiranganjai bujejwe imigenderanire, bw’igihugu ca Misiri, igihe John Kerry yariko abonana na Mohamed Kamel Amr.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga