Uko wahagera

Umushikiranganji Mushasha Ajejwe Kwivuna Abansi muri Amerika, Chuck Hagel Yaremeje ko Hari Ibibazo Mu Bihe Biri imbere


Umushikiranganji Muhasha Ajejwe Kwivuna Abansi wa Amerika, Chuck Hagel
Umushikiranganji Muhasha Ajejwe Kwivuna Abansi wa Amerika, Chuck Hagel
Chuck Hagel, yahoze ari umusenateri muri Amerika, yararahiye, mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, inyuma yuko habaye impari zikomeye, ku vyerekeye iyemezwa ryiwe, imisi mikeyi imbere yuko imiliyardi n’imiliyardi z’amadolari agenewe igisirikare ca amerika agabanywa.

Muvyo yashikirije abakozi biwe, Hagel yaremeye ibihe bitoroshe ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buhanganye navyo, bivuye kw’igabanywa ry’amafranga Reta ya Amerika ikoresha, bitegekanijwe gutangura, ejo ku musi ku wa gatanu, niyo Congres ya Amerika ifata ingingo.

Hagel yatangaje kw’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buzotegerezwa gutora uburyo bw’ukuvyifatamwo, igihe iryo gabanywa ry’amafranga Reta ya Amerika ikoresha, bizoja mu ngiro. Yatangaje ko hari ibibazo bitari bike, mu bihe biri imbere.

Ivyo Chuck Hagel yabitangaje, ejo ku musi wa gatatu.

Senat ya Amerika yaremeje igenwa ryiwe, mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi.

Hagel yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitegerezwa gukorana n’amakungu, hamwe n’ibihugu bicuditse. Yaremeye gukora uko shobora kwose, kugira abe umuyobozi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, igihugu citeze kandi gikwiriye.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarahayagije iyemezwa rya Chuck Hagel, mu kuvuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zironse umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, igihugu gikeneye, umuyobozi inteko za Amerika zikwiriye.

Hagel yahoze ari umusirikare, asubiriye Leon Panetta, akaba ari umusekombata wa mbere, wo mu ngwano, yo muri Vietnam, abaye umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, wa Amerika.
XS
SM
MD
LG