Mu Kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, umuririmvyi w’Umunyarwanda, Massamba Intore, yamenyesheje ko, muri album yiwe yimirije gusohora, “Mpinga Nzima”, azoshimikira ku ndirimbo ziranga imico y’Urwanda, hakoreshejwe ibikoresho ndangamico.
Yamenyesheje kw’abaririmvyi, muri ibi bihe, batera bigana umuziki w’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika.
Massamba avuga kw’abantu batanguye kubona ko, kwirukira ibintu vyo hanze, ataho bishobora kubashikana.
Amenyesha ko kutagira umuco, umuntu aba atakaje vyinshi.
Abandi bagize uruhara mu kiganiro na Massamba, ni Alexis Sharangabo aba mu karere ka Washington DC na Aimerie Mutabazi na Tijara Kabendera bari, i Kigali, mu Rwanda.
Tubatege amatwi: