Uko wahagera

Album Nshasha, “Mpinga Nzima” Umuririmvyi Massamba Intore, Yimirije Gusohora


Massamba Intore na Alexis Sharangabo
Massamba Intore na Alexis Sharangabo

Massamba avuga kw’abantu batanguye kubona ko kwirukira ibintu vyo hanze ataho bishobora kubashikana.

Mu Kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, umuririmvyi w’Umunyarwanda, Massamba Intore, yamenyesheje ko, muri album yiwe yimirije gusohora, “Mpinga Nzima”, azoshimikira ku ndirimbo ziranga imico y’Urwanda, hakoreshejwe ibikoresho ndangamico.

Yamenyesheje kw’abaririmvyi, muri ibi bihe, batera bigana umuziki w’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika.

Massamba avuga kw’abantu batanguye kubona ko, kwirukira ibintu vyo hanze, ataho bishobora kubashikana.

Amenyesha ko kutagira umuco, umuntu aba atakaje vyinshi.

Abandi bagize uruhara mu kiganiro na Massamba, ni Alexis Sharangabo aba mu karere ka Washington DC na Aimerie Mutabazi na Tijara Kabendera bari, i Kigali, mu Rwanda.

Tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:13:48 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG