Uko wahagera

Ubufransa Bwasavye Abafransa Kuva mu Buraruko bw’Igihugu ca Cameroun


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Ubufransa, Jean-Yves Le Drian
Igihugu c’Ubufransa casavye abayagihugu baco, kuva mu buraruko bw’igihugu ca Cameroun, inyuma yuko abantu bitwaje ibigwanisho banyuruje Abafransa indw,i bari mu buruhuko bw’igihugu ca Cameroun.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, bwasavye, ejo ku musi wa gatatu, Abafransa kuva muri ako karere, mu buryo bwihutirwa bushoboka.

Ubwo bushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, bwahanuye kandi Abafransa kutaja, mu ntara iri hafi y’urubibe n’igihugu ca Nigeria, gushika baronse ayandi makuru.

Ukwo kugabisha Abafransa bibaye, umusi umwe inyuma yuko abantu bitwaje ibigwanisho, bari ku mapikipiki, banyuruje umugabo n’umugore b’Abafransa, abana babo bane na se wabo.

Abagira itohoza baremera kw’abanyuruje abo bantu babajanye, mu gihugu ca Nigeria.

Nta murwi wiyitiriye inyuruzwa ry’abo bantu, yamara mu kiganiro kuri televiziyo y’igihugu c’Ubufransa, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubufransa, Jean-Yves Le Drian, yagirije umurwi w’intagondwa z’Aba Islamu, Boko Haram, ukorera mu gihugu ca Nigeria.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yagiriza umurwi, Boko Haram, iyicwa ry’abantu barenga igihumbi, kuva mu mwaka w’2009, benshi muribo, mu buraruko bw’igihugu ca Nigeria.
XS
SM
MD
LG