Uko wahagera

Umusirikare w’Umufaransa, N’Abagwanyi, Barishwe


President w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande, igihe yariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru
President w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande, igihe yariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru

President w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande yatangaje kw’umusirikare w’umuFaransa yishwe.

Uyo musirikare yishwe igihe yariko atana mu mitwe n’abagwanyi b’abaislamiste mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Ubushikiranganji bw’igihugu c’Ubufaransa bujejwe kwivuna abansi, buvuga kw’abagwanyi b’abaislamiste barenga 20 nabo nyene bishwe mur’iyo ngwano, yabaye inyuma y’aho abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’abasirikare b’igihugu ca Mali, bakoreye ibitero mu bibanza, abo bagwanyi binyegejemwo ku musi wa mbere.

Uyo musirikare w’igihugu c’Ubufaransa yishwe, yari mu murwi w’abaParashutistes. Abaye umusirikare agira kabiri w’Umufaransa yiciwe mu gihugu ca Mali, kuva aho abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa binjiriye mu ngwano yo mu gihugu ca Mali mu kwezi kwa mbere.

Umushingantahe Hollande yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru igihe yari mu rugendo mu gihugu c’Ubugereki ejo ku musi wa kabiri; umusi umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Mali, Diango Cissoko, yariko aragira inama n’abategetsi mu gihugu c’Ubufaransa.

Ibiro vy’abafaransa bijejwe gutangaza amakuru, bivuga kw’umushingantahe Cissoko yavuze kw’umutekano wifashe neza mu gihugu ca Mali mur’iki gihe,, kandi kw’ibitero bikomeye vya gisirikare biriko biragabanuka.
XS
SM
MD
LG