Ku wa gatandatu, Ukwakira 25, 2014 isaha yo mu karere 13:10

Umurwi w’Ishirahamwe O-N-U Ujejwe Itohoza Uvuga ko Habaye Ivyaha vyo mu Ngwano muri Syria

Ikarata y'igihugu ca SyriaIkarata y'igihugu ca Syria
x
Ikarata y'igihugu ca Syria
Ikarata y'igihugu ca Syria
VOA Africa
Umwe mu bagize umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ujejwe itohoza, ku vyerekeye ingwano, mu gihugu ca Syria, yasavye ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha itohoza ivyagirizo bijanye n’ivyaha vyo mu ngwano, mu gihugu ca Syria.

Mw’ijambo yashiskirije abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa mbere, inyuma ya raporo ya nyuma y’uwo murwi w’ishirahamwe O-N-U, umwe mu bagize uwo murwi ujejwe itohoza, Carla del Ponte, yatangaje kw’igihe kigeze kw’urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, rurondera gushikiriza ubutungane.

Raporo y’umurwi w’ishirahamwe O-N-U ujejwe itohoza, ku ngwano mu gihugu ca Syria, yagirije igisirikare ca Reta ya Syria, n’imirwi igwanya ubutegetsi, ku bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ngwano, harimwo kugandagura abasivile.

Yamara iyo raporo ivuga ko Reta ariyo ikora ayo mabi kurushiriza, mu guhagarika abantu mu buryo budasobanutse,  kugandagura abantu, kubafata bunyamaswa, n’ugufata abapfasoni n’abigeme, ku nguvu.

Ntaco Reta y’igihugu ca Syria, n’imirwi igwanya ubutegetsi, bavuze kuri iyo raporo yasohotse, ejo ku musi wa mbere.

Bitegekanijwe kw’umurwi w’ishirahamwe O-N-U, ujejwe itohoza, ku ngwano muri Syria ushikiriza ibiro bijejwe agateka ka muntu, mw’ishirahamwe O-N-U, mu kwezi kuza, urutonde ,ruzoba ruri mw’ibanga, rw’abantu n’imirwi bavurwa ko bagize uruhara, mu vyaha vyo mu ngwano, yamara nta migambi uwo murwi ufise, y’ugushira ahabona urwo rutonde.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga