Ku wa kabiri, Nyakanga 29, 2014 isaha yo mu karere 08:39

Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez Yaratahutse Avuye Muri Cuba

Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.
x
Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.
Prezida wa Venezuela, Hugo Chavez ari kumwe n'abana biwe b'abakobwa.
VOA Africa
Prezida w’igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez, yaratahutse, mu gihugu ciwe, avuye muri Cuba, inyuma y’ikiringo kirenga amezi abiri yari amaze, muri ico gihugu, ariko arivuza.

Ingingo ya prezida Chavez y’ugutahuka, mu gihugu ciwe, yatangajwe, mu butumwa bwashikirijwe, mu gitondo c’ejo ku musi wa mbere, kuri Twitter.

Ubwo butumwa bwashimiye Imana n’igihugu, bukaba bwatangaje kw’azobandanya kwivuza, muri Venezuela.

Abashigikiye prezida Chavez, afise imyaka mirongo itanu n’umunani, barahimbaje ayo makuru.

Chavez yibagishij,e mu kiringo c’amasaha atandatu, mu kwezi kw’icumi na kabiri, i Havana, ku murwa mukuru wa Cuba, mu bwabaye ubugira kane yibagisha, kuva vyibonekeje kw’afise cancer, hagati mu mwaka w’2011.

Mu kwezi kwa mbere, icegera ca prezida, Nichaolas Maduro, yavuze kw’amagara ya prezida Chavez, acumbagira.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga