Uko wahagera

Presidence Ya Amerika, Ku Mugami W’Abimukira


1President Obama avuga ku kibazo c'abimukira
1President Obama avuga ku kibazo c'abimukira

Presidence ya Amerika, yarashikirije umugambi uzofasha abimukira, baba muri Amerika, batabifitiye uburenganzira.

Ikinyamakuru gikomeye co muri reta zunze ubumwe za amerika, catangaje ko presidence ya Amerika, iriko irategura umugambi werkeye abimukira, ushobora kuzobaha uburenganzira bwo kuba muri reta zunze ubumwe za amerika biciye mu mategeko, mu kiringo c’imyaka umunani iri imbere.

Ikinyamakuru citwa, USA Today, ku musi wa gatandatu ku mugoroba, caratangaje amakuru avuga kw’abimukira bashika imiliyoni 11 baba muri amerika, batagira impapuro, bazoshobora gusaba uburenganzira bwo kuba muri amerika mu mateko. Igihe bazoba bamaze kwemererwa, ngo bazoca baronka uburenganzira bwo gusabira imiryango yabo kuba muri reta zunze ubumwe za amerika.

Ico kinyamakuru kivuga kandi kw’uyo mugambi uriko urategurwa na presidence ya amerika uvuga kw’abimukira baba muri Amerika batagira impapuro, bazobanza gutohozwa kugira ngo barabe kw’ata vyaha bakoze, bakongera bagatanga amafaranga yo kuronka Visa nshasha.

Bemerewe, bazoca baronka uburenganzira bwo kuba muri reta zunze ubumwe za amerika mu gihe c’imyaka ine bafise impapuro, bagaheza bagakora akazi, bagashobora no kuva mu gihugu mu kanya gatoyi. Imyaka ine iheze, barashobora gusaba kwongerwa iyindi myaka.

Abimukira barashobora gusaba uburenganzira bwo kuba muri reta zunze ubumwe za amerika bwegu, haheze imyaka umunani, mu gihe bashoboye kwiga icongereza, bakiga kahise ka amerika, bakanamenya n’ukuntu reta ya Amerika itunganijwe, bakongera bakariha amatagisi.
XS
SM
MD
LG