Uko wahagera

Lakhdar Brahimi Asaba Reta ya Syria n’Abayirwanya Guhurira mu Biro vy’Ishirahamwe O-N-U.


Lakhdar Brahimi, aserukira amakungu ku vyerekeye igihugu ca Syria
Lakhdar Brahimi, aserukira amakungu ku vyerekeye igihugu ca Syria
Intumwa y’makungu, ku vyerekeye amahoro, Lakhdar Brahimi, yasavye Reta y’igihugu ca Syria n’abayigwanya guhura, kugira baganire inyishu iciye mu biganiro, ku mugumuko umaze imyaka ibiri, w’ugukora ku butegetsi prezida Bashar al-Assad.

Mw’ijambo yashiskirije, ejo ku musi w’Imana, ari I Cairo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Brahimi yavuze kw’ibiganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, hagati y’abagwanya Reta ya Syria n’abaserukira Reta bemewe, vyofasha igihugu ca Syria gutangura kuva muvyo yise inzira y’umwiza. Ntiyatangaje ikibanza ibiganiro nkivyo vyoberamwo.

Umuyobozi w’urunani rw’abatavuga rumwe na Reya ya Syria, bari mu buhungiro, Mouaz al-Khatib, yatangaje ko yifuza kubonana n’icegera ca prezida wa Syria, Farouk al-Sharaa, kugira baganire ukuva ku butegetsi kwa Reta ya prezida Assd, biciye mu mahoro.

Abagize urunani rw’abatavuga rumwe na Reta ya Syria, Syrian National Coalition, baremeye kandi kuvugana n’abandi baserukira Reta ya Syria, badafise uruhara mu bikorwa vya Reta vy’ugukandamiza abafashe imigambi y’ugutembagaza Reta.

Abategetsi ba Reta ya Amerika barashigikiye akamo k’abagwanya Reta ya Syria, ko prezida Assad atanga imihoho, akishura ku vyaha bikabije inteko ziwe zivurwa ko zakoze.
.
XS
SM
MD
LG