Uko wahagera

Umutegetsi Kizigenza w’Igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei, Irani Itariko Irondera Gukora Ibigwanisho Ruhonyanganda.


Umuyobozi Kizigenza w'Igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei .
Umuyobozi Kizigenza w'Igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei .
Ayatollah Ali Khamenei, afise ijambo rya nyuma, ku bibazo vyose vya Reta, mu gihugu ca Irani, yatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, kw’igihugu ca Irani gishigikiye, gukuraho ibigwanisho ruhonyanganda.

Khamenei, muvyo yatangaje, vyashizwe ku kibanza ca internet, yavuze bemera kw’ibigwanisho ruhonyanganda biterezwa kuzimanganywa.

Yavuze kw’ata bigwanisho ruhonyanganda bashaka. Yamara yamenyesheje ko hamwe Irani yoba ishaka ibigwanisho nkivyo, ngo nta gihugu ca kimwe coyibuza kubigira.

Ibihugu vy’I Bulaya na Amerika, vyikeka kw’igihugu ca Irani kiriko gutunganya ububasha bw’ugukora ibigwanisho ruhonyanganda, ivyagirizo igihugu ca Irani gihakana.

Bitegekanijwe ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibindi bihugu, bihura n’abategetsi b’igihugu ca Irani, mu gihugu ca Kazakhstan, mu mpera z’uku kwezi, kugira baganire ivyerekeye umugambi w’igihugu ca Irani, werekeye ibigwanisho ruhonyanganda.
XS
SM
MD
LG