Ku wa gatanu, Ugushyingo 21, 2014 isaha yo mu karere 06:11

Afrika y’epfo Yarahagaritse Abantu Cumi n’icenda Bikekwa kw’Ari Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23

Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23
x
Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23
Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23
VOA Africa
Igipolisi co mu gihugu ca Afrika y’epfo, carahagaritse abantu cumi n’icenda, bikekwa kw’ari abanywanyi b’umurwi M23, ugwanya ubutegetsi, muri Republika iharanira demokrasi ya Congo.

Abategetsi b’igipolisi ca Afrika y’epfo, batangaje kw’abo bantu bahagaritswe, mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri, mu buraruko bw’ntara ya Limpopo, mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Nta makuru arenga ngaho bashikirije.

Vyari bitegekanijwe kw’abo bantu bikekwa kw’ari abanywanyi b’umurwi M23, baseruka muri sentare, mu gisagara ca Pretoria, mu mpera z’umusi w’ejo ku wa kabiri, guhangana n’ivyagirizo bakwirikiranwako.

Umurwi M23, ugizwe n’abagwanya ubutegetsi bari binjijwe, mu gisirikare ca Congo, hizunzwe amasezerano y’amahoro, yateweko igikumu, mu mwaka w’2009.

Baravuye mu gisirikare, mu mwaka uheze, bidoga ko bakumiwe, kandi bafatwa nabi.
.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga