Uko wahagera

Abantu Cumi na Bane Barapfuye Muri Mexique Igihe Ibintu vyaturika Ku Cicaro c’Isosiyete y’Ibitoro, Pemex


Abajejwe Kurwanya Imiriro Bariko Barondera Abarokotse ku Cicaro c'Isosiyete y'Ibitoro, Pemex
Abajejwe Kurwanya Imiriro Bariko Barondera Abarokotse ku Cicaro c'Isosiyete y'Ibitoro, Pemex
Ibintu vyaturitse, ku cicaro c’isosiyete icukura ibitoro ya Reta y’igihugu aca Mexique, Pemex, vyahitanye abantu cumi na bane, canke barenga, abandi mirongo umnani barakomereka.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, bw’igihugu ca Mexique, n’isosiyete Pemex, vyaremeje abahasize agatwe, n’abakomeretse.

Abajejwe gutabara bariko barondera abantu bashobora kuba bagifatiwe, mu,nyubakwa y’iyo sosiyete icukura ibitoro ya Reta ya Mexique, Pemex.

Amasanamu ya video, yavuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mexique, yerekanye ibisigarira vy’iyo nyubakwa biri hasi, umwotsi uriko uva mu ma etage, yo hasi y’iyo nyubakwa y’isosiyete, Pemex, yatse umuriro.

Nta makuru ahari, ku catumye ibintu biturika, muri iyo nyubakwa, yamara abategetsi bavuga kw’ibibazo vy’ibikoresho, mu gice co hasi, muri iyo nyubakwa bishobora kuba ariyvo vyatumye ivyo bintu biturika. Umyagankuba muri iyo nyubakwa warabuze, mu ntango z’umusi.
.
XS
SM
MD
LG