Uko wahagera

Prezida w’Infatakibanza w’Igihugu ca Mali Ntazoganira n’Intagondwa z’Aba Islamu


Prezida w'Infatakibanza w'Ighugu ca Mali, Dioncounda Traore
Prezida w'Infatakibanza w'Ighugu ca Mali, Dioncounda Traore
Prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Mali, Dioncounda Traore, yatangaje ko atazogirana ibiganiro n’intagondwa z’Aba Islamu, zafashe uburaruko bw’igihugu, imbere yuko inteko z’igihugu c’Ubufransa zizituza muri ako karere.

Yamara Traore yabwiye Iradiyo yo mu Bufransa, ejo ku musi wa kane, kw’ashobora kwiyumira guhura n’abarwanya ubutegetsi bo mu bwoko bw’Aba Tuaregs, bo mu murwi, MNLA, nibaheba umugambi wabo w’ukugira igice cabo bihariye, mu buraruko bwa Mali.

Umurwi MNLA umaze igihe uharanira ubwigenge bw’intara y’Aba Tuaregs.

Uwo murwi wafashe uburaruko bw’igihugu ca Mali, mu mwaka uheze, mu nyuma yaho ukaba warifatanije n’abarwanyi b’Aba Islamu, igihe Reta y’igihugu ca Mali yasenyuka.

Aba Tuaregs, mu nyuma yaho, baratandukanye n’abarwanyi b’Aba Islamu, igihe bategeka iyubahirizwa ry’amategeko akomeye, agendera kw’idini rya Islamu, mu buraruko bw’igihugu ca Malai, muri iki gihe umurwi MNLA ukaba ushigikiye igikorwa ca gisirikare c’igihugu c’Ubufransa, mu gihugu ca Mali.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu c’Ubufransa, Jean-Yves Le Drian yatangaje, ejo ku musi wa kane, kw’igikorwa ca gisirikare c’igihugu ciwe, cagenze neza, yamara yatangaje kw’umutekano utaragaruka, muri Mali. Yavuze, mu kiganiro yarangiye kuri radiyo yo mu Bufransa, kw’Abanya Mali bategerezwa guhiraho umugambi w’ugusubiza hamwe, kugira bagire kazoza karangwa n’umutekano.
XS
SM
MD
LG